Ghana: Leta nini ku mugabane wa Afrika

Nana Akufo-Addo arahirira amabanga y'umukuru w'igihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Nana Akufo-Addo arahirira amabanga y'umukuru w'igihugu

Umukuru w'igihugu ca Ghana Akufo Addo aravugwa cane muri kino gihe, mu kuba yashinze leta igizwe n'abashikiranganji 100, iya mbere nini mu mateka y'igihugu ca Ghana.

Prezida Akufo Addo yatangaje ku munsi wa gatatu ko agenye ivyegera 50 vy'abashikiranganji hamwe n'abashikiranganji bane b'igihugu.

Biyongeye ku bari bahasanzwe, igitigiri c'abashikiranganji gica kiduga ku 110, igitigiri kitari bwigere gishikwako mu mateka y'igihugu ca Ghana, nkuko umunyamakuru wa BBC mu gisagara ca Accra, Thomas Naadi avuga.

Hari ubushikiranganji bufise abashikiranganji bane harimwo n'ivyegera vyabo.

Abagenywe bazohabwa imiduga y'akazi, amazu ya leta, batekeregwe bageze mu karuhuko k'izabukuru n'ibindi.

Uwurongoye umurwi w'inkehwa mu nama nshingamateka, yagereranije iyo leta n'inzovu ata kindi ije gukora atari ugutemvya umutungo w'igihugu.

Umushikiranganji ajejwe ihererekana ry'amakuru Mustafa Hamid yashigikiye igena ry'iyo leta, asigura ko umukuru w'igihugu akeneye abashikiranganji bakwiye bamufasha gukemura ingorane z'igihugu.

Igihugu ca Ghana gifise ideni ry'imiliyardi 30 z'amadolari.