Amerika ngo ishobora gutera Korea ya ruguru

Rex Tillerson (uwa gatatu i buryo) yabonanye n'umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Korea yepfo Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Rex Tillerson (uwa gatatu i buryo) yabonanye n'umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Korea yepfo

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'amakungu Rex Tillerson yavuze ko gukoresha uburyo bwa gisirikare ari "inyishu iriko irihwezwa", mu rugendo arimwo muri Korea yepfo.

Yavuze ko kwama mu politike "yo kwihangana" vyarangiye, ko Amerika iriko iriga gutora inyishu ku buryo bw'ibiganiro "diplomatic", mu buryo bwa gisirikare canke gufata ingingo zijanye n'ubutunzi.

Korea ya ruguru iteye amakenga kubera ibikogwa imazemwo igihe vyo kugerageza "missiles", hamwe n'ibindi bigwanisho vyo mu bwoko bwa "nucléaire".

Bwana Tillerson yashikirije ayo majambo haheze umwanya muto avuye gutembera akarere katarekuriwe gukoregwamwo ibikogwa vya gisirikare, "Demilitarized Zone", kagabura Korea zibiri.

Yashitse muri Korea yepfo avuye mu gihugu c'Ubuyapani, aho yavugiye ko imyaka 20 iheze bagerageza kwumvisha Korea ya ruguru ngo ivavanure n'umugambi wayo wa nucléaire, ko ataco vyatanze.

Abajijwe niba hari inyishu ya gisirikare bategekanya, yavuze ati: "Ku vyukuri ntitwipfuza ko ibintu bigera aho twinjira mu ndyane za gisirikare."

Ariko yongera ati: "Ni hagera aho amakenga aduga kubera igerageza ry'ibigwanisho gushika ku rugero twibaza ko hakenewe ko duhaguruka, murico gihe twovyigira ku meza."

Ubushinwa busaba Korea ya ruguru guhagarika igerageza ry'ibigwanisho

Korea ya ruguru yasubiye kurasa mu karere k'Ubuyapani

Korea ya ruguru yateye izindi Missile mw'ibahari