Umuvugizi w'igipolisi c'Ubuganda yagandaguwe

Andrew Felix Kaweesi, yahora ari umuvugizi w'igipolisi c'Ubuganda
Image caption Andrew Felix Kaweesi, yahora ari umuvugizi w'igipolisi c'Ubuganda

Umuvugizi w'igipolisi c'igihugu mu Buganda, Andrew Felix Kaweesi, yishwe arashwe muhira iwe ku murwa mukuru Kampala.

Yicanywe n'umushoferi hamwe n'uwumukingira ubuzima, umuvugizi w'igipolisi co mu gisagara ca Kampala, Emilian Kayima, niko yabwiye umumenyeshamakuru wa BBC, Patience Atuhaire, yashitse aho vyabereye.

Ibiziga vyakuwe muri ico kibanza, nkuko ubutumwa bwa Twitter bw'ikinyamakuru co mu Buganda, buvuga.

Mu myaka ya vuba hari abandi bantu bari mu bategetsi b'Ubuganda bishwe.

Mu kwezi kwa cumu na rimwe, Majoro Sulaiman Kiggundu yararashwe aricwa ari kumwe n'uwumukingira ubuzima.

Mu kwezi kwa gatatu 2015 , umunyamategeko Joan Kagezi, yakurikirana urubanza rw'ibitero vy'iterabwoba vyo mu 2010, yishwe n'abantu bitwaje ibigwanisho bari kw'ipikipiki agiye muhira iwe.