Ubwato bw'ibitoro bwanyurujwe muri Somalia bwarekuwe

Ntawuramenya niba abanyuruje ubwato ari abarovyi canke ibisuma karuhariwe vyo mu mazi Uwufise ububasha kw’isanamu MOHAMED DEEQ - SBC
Image caption Ntawuramenya niba abanyuruje ubwato ari abarovyi canke ibisuma karuhariwe vyo mu mazi

Ivyihebe vyo mu mazi vyanyuruje ubwato butwara ibitoro mu gihugu ca Somalia, vyaburekuye ataco birinze gusaba, nkuko ubutegetsi bwabishikirije.

Ayo makuru yamenyeshejwe inyuma y'ingwano yamaze amasaha hagati y'ivyo bisuma vyo mu mazi hamwe n'abasirikare bagenzura ikiyaga, biturutse ku bwato bwari bushiriye ibikoresho ivyo vyihevyi.

Ubwo bwato bwari buvuye muri Djibouti bugiye i Mogadishio, bwafashwe ku munsi wa mbere, burimwo abantu umunani baturuka mu gihugu ca Sri Lanka.

Bubaye ubwato bwa mbere bunyurujwe muri Somalia kuva mu 2012.

Abdirahman Mohamud Hassan, umuyobozi mukuru w'igipolisi co mu mazi ca Puntland, yavuze ati: "Habaye impari inyuma y'ingwano yabaye inyuma y'umutaga...twaciye dusubiza inteko zacu inyuma, ivyo vyihevyi navyo bica biragenda."

Umushikiranganji w'imigenderanire ya Sri Lanka n'amakungu yavuze ko abari mu bwato bwanyurujwe barekuwe "batarinze kubabazwa, kandi ata mahera batanze".

Ubwato bwanyurujwe ku nkengera ya Somalia