Abasomali 30 bishwe na kajugujugu mu kiyaga gitukura

Ibihugu vya Yemeni na Somalia ku karata
Image caption Ibihugu vya Yemeni na Somalia ku karata

Amakuru aturuka mu butegetsi bwa Yemeni, avuga ko abasomali 30 bishwe na kajugujugu yarashe ubwato barimwo, mu kiyaga gitukura.

Abacungera inkengera z'ikiyaga ku kivuko Hodeidah ca Yemeni kigenzugwa n'inyeshamba z'aba Houthi, bavuze ko ubwo bwato bwava muri Yemeni buja muri Sudani, igihe bukubiswe n'igisasu co mu bwoko bwa "missile".

Abantu baharugwa mu mirongo bashoboye gutabagwa, ariko benshi muri bo bakomeretse.

Hodeidah yamye igabwako ibitero n'urunani rwa gisirikare rurongowe n'igihugu ca Arabie Séoudite, rugwanya aba Houthis rugomba gushigikira leta ya Yemeni.

Uwufise ububasha kw’isanamu WFP/KAREL PRINSLOO
Image caption Ingwano yo muri Yemeni yatumye impunzi z'abasomali basubira mu gihugu c'amavuko