Urukino rwa "Rayon Sport" y'u Rwanda n'umurwi wo muri Mali ntirukibaye

Mali yakuwemwo mu nkino z'ijonjora mw'ihiganwa rya Afcon 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mali yakuwemwo mu nkino z'ijonjora mw'ihiganwa rya Afcon 2017

Urukino rwohuje umurwi "Rayon Sport" wo mu gihugu c'u Rwanda na "Onze créateurs" wa Mali ntirukibaye, bitewe nuko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo muri Mali (Femafoot) ryahagaritswe n'ikigo kigenzura urwo rukino kw'isi, FIFA.

Itangazo ry'ikigo gihagarikiye umupira w'amaguru muri Afrika, CAF, rivuga riti: "Twamenyeshejwe na FIFA ko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo muri Mali ryahagaritswe mu bikogwa vyose vy'umupira w'amaguru. Kurivyo imigwi yo muri Mali nitirekuriwe kuja mu mahiganwa ya CAF ategekanywa mu mpera z'ino ndwi.

"Inkino inomero 44 na 64 zirafuswe hanyuma imirwi ya El Masry (Misiri) na Rayon Sport (Rwanda) isabwa kubandanya mu nkino zikurikira".

Ishirahamwe Femafoot rya Mali rihagaritswe na Fifa "kuberako leta yivanga"mu mabanga y'ishirahamwe ry'igihugu.

Iyo ngingo yafashwe inyuma yaho umushikiranganji ajejwe inkino Housseini Amion Guindo yasambuye umurwi nshingwabikorwa wa Femafoot mu ndwi iheze.

Fifa ntishigikiye ko leta yivanga mu bikogwa vy'ishirahamwe rirongoye umupira w'amaguru mu gihugu.

Mw'itangazo Fifa yavuze iti:

"Iyo ngingo izohagarikwa aruko ingingo yafashwe n'umushikiranganji ihanaguwe.

"Hagataho, umurwi w'igihugu wa Mali hamwe n'iyindi mirwi ntirekuriwe kuja mu mahiganwa mpuzamakungu."