Merkel na Trump mu biganiro vy'ubudandaji no kwivuna abansi

Donald Trump na Angela Merkel bafise uburongozi butandukanye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Donald Trump na Angela Merkel bafise uburongozi butandukanye

Uwurongoye leta y'Ubudagi Angela Merkel ategekanya guhura na Prezida Donald Trump i Washington, mu biganiro vy'ubudandaji n'ivy'ukugwaniriza hamwe umwansi.

Bwana Trump yaratunze agatoki Ubudagi abugabisha ku mahinguriro akora imiduga ku makori atanga, asaba n'ubutegetsi bwa Berlin kuduza amahera bugenera ivya gisirikare.

Umupfasoni Merkel aherekejwe muri urwo rugendo n'abakozi bakuru bo mu mahinguriro Siemens, Schaeffler na BMW.

Urwo rugendo rwategekanywa ku munsi wa kabiri ariko rurunguruzwa kubera imvura y'urubura.

Avuga ku vyerekeye urwo rugendo, umupfasoni Merkel yabwiye ikigo c'itororokanirizo ry'amakuru c'Ubudagi ko arindiranye igishika guhura ubwa mbere na Prezida Trump.

"Biraryoshe kuganira kurusha kuvugana ivy'umwumwe,"