France: Umuntu yiciwe ku kibuga c'indege ca Orly

Ikibuga c'indege ca Orly cakuwemwo abantu Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umuntu yishwe amaze kwambura inkoho umusirikare

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu Bufaransa bumenyesha ko hari umuntu yarasiwe mu kibuga c'indege ca Orly hafi y'umugwa mukuru Paris.

Abategetsi bavuga ko uwo muntu amaze kwambura inkoho umusirikare yari kw' izamu, yaciye ahungira mw'iduka ari naho yarasiwe n'abajejwe umutekano.

Nta wundi n'umwe yahakomerekeye.

Abari ku kibuga c'indege ca Orly baciye bakurwaho bose.

Abahinga mu gutegura ibisasu baciye bahashika kugira basuzume nimba uwo muntu hari vya bisipi vy'ibisasu abiyahuzi bakunda kwitwaza yoba yari yambaye.

Ahandi mu buraruko bw'umuji wa Paris, hari umupolisi yarashwe arakomereka, ari mu gikorwa co gusuzuma uruja n'uruza kuri bariyeri, nk'uko bimenyeshwa n'iyandikiro ry'amakuru Reuters.