Ngo 'nta nyungu Ubwongereza bufise mu kuneka Trump'

Trump yitandukanije n' ibivugw akuri GCHQ ko yamwabuye Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Trump yavuze ko ibivugwa kuri GCHQ vyobazwa fox News atari ibiro vyiwe

Umwe mu bayobozi bakomeye b'urwego rw'iperereza rwa Leta zunze Ubumwe za Amerika NSA, yimye agaciro ibivugwa ko ba maneko b'Ubwongereza boba barasumye urusaku kuri Trump.

Ikigo c'iperereza rw'Abongereza GCHQ (Government Communications Headquarters) catanguye gushigwa mu majwi kuri tereviziyo, ko coba carabuye Trump mu gihe co kwiyamamaza kwiwe.

Ayo majambo yaturutse kuri tereviuziyo Fox News, yasubiwemwo n'umuvugizi wo biro vy'umukuru w'igihugu Maison Blanche, Sean Spicer, ko ico kigo c' Abongereza GCHQ coba caratumwe na Barack Obama akiri perezida, gusuma urusaku kuri Trump.

Abajijwe kuri ico kibazo, peerzida Donald trump yavuze ko ataco afise abivugako, kijany n' uko vyoba ari ukuri canke atari vyo, kuko amajambo yasubiwemwo n'ibiro vyiwe yaturutse Fox News, ko rero bikwiye kubazwa Fox News.

Icegera c'umukuru wa NSA, Richard Ledgett, we yavuze ko ivyo birego bitagira ishingiro, ko ata nyungu Ubwongereza bwoba bubironderamwo.

Imigenderanire hagati ya perezida Trump n'ibigo vy'iperereza vya Leta zunze Ubumwe za Amerika yakomeje gutosekara kuva mu matora yo mu kwa 11 umwaka uheze.