'Ntimwibagire abakobwa ba Chibok', Sa'a.

Abakobwa 195 baracari mu minwe ya Boko Haram Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imyaka itatu iraheze abakobwa bo mw'ishure rya Chibok banyurujwe

Mu kwezi kuza, imyaka itatu izoba yuzuye abakobwa bagera kuri 270 bo mw'ishure rya Chibok bajanywe inyagano n'umugwi Boko Haram.

Uwo mugwi gushika ubu uracafise abagera ku 195 mu maboko yawo, abandi bagiye batoroka kamwe kamwe.

Umwe mu barokotse, akoresha izina ritari rwiwe rya Sa'a, mw'ijambo yashikirije ari Dubai, yahamagariye amakungu kutibagira bagenziwe, avuga ko isi ikwiye kugira ico ikoze.

Imbere y'inama y'urunani rujejwe kwihweza uburyo abantu bose bohabwa amahigwe angana mu nyigisho n'ubumenyi, Global Education and Skills Forum, Sa'a yagize ati " Ibaze umukobwa wawe canke umugore wawe, utari irengero ryiwe, atari kumara umunsi umwe canke ibiri, ariko imyaka itatu. Birababaje cane.

Uwo munyeshure yarokotse avuga ko bamwe mu bavyeyi b'abo bagenziwe bakiri mu minwe ya Boko Haram, bamaze gupfa, abandi nabo bishwe n'akabonge k'abana babo bamaze imyaka barindiriye kumenya nimba bakiriho.

Sa'a yasubije amaso inyuma yibuka abo banyeshure bagenziwe, aho avuga ko indoto bari bafise z'ubuzima bwabo ubu zayonze.

Yavuze uburyo abayoboke ba Boko Haram bashitse kuri iryo shure ryo mu buraruko bwa Nigeria, bagaturira amashure n'ibitabo, mu nyuma bakinjiza abo banyeshure mu makamyo babafatiyeko iminwa y'inkoho.

We na mugenzi we bageze mu nzira barasimba, baja mw'ishamba, aho bakuwe n'abungere bakabereka inzira bacamwo baja kwihisha.

Sa'a yashikirije ijambo ari kumwe n'uwundi mukobwa mugenzi we akoresha izina rya Rachel, yibuze se na basazawe bishwe na Boko Haram.

Sa'a na Rachel basaba amakungu kutibagira abo banyeshure bagenzi babo bakiri mu minwe ya Boko Haram, amakungu akurushirizaho gufasha mu twigoro two kubarokora, no gukingira umutekano amashure.

Bavuze kandi ko bazorushirizaho kwitaho amahure kugirango bakure amahigwe mw'ibakwe ryo kwiga bagenzi babo batashoboye kugirigwa.