Tanzania igiye guterera abaganga Kenya

Ibikoresha n'umushahara abaganga nivyo basaba Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption Abaganga ba Kenya basaba kwongerwa umushahara n'ibikoresho

Leta ya Tanzania igiye kurungikira abaganga 500 Kenya, mu ntumbero yo kugifasha kugabanya ingaruka za yegereyegere y'abakozi bo mu bitaro n'amavuriro vya leta.

Muri iyi ndwi niho hatangazwa ko abaganga bari bamaze amezi arenga atatu muri yegereyegere bashitse ku mwumvukano na leta ya Kenya, iyo yegereyegere igaca ihagarara.

Ariko abenshi muri abo baganga n'ubu ntirabasubira ku mirimo.

Abategetsi ba Tanzania bavuga ko leta ya Kenya ariyo izoriha imishahara y'abo baganga, ikanabacumbikira.

Ishirahamwe ry'abaganga bo muri Kenya ryaneguye iyo ngingo, rivuga ko leta yashize imbere ingingo idashira mu gaciro inyungu z'abaganga bo muri ico gohugu bari mu bushomeri.

Yegereyegere imaze iminsi muri Kenya yatumye abanya Kenya benshi batanga amafaranga y'umurengera mu kuja kwivuza mu bitaro vy'abikorera utwabo, canke batabona ubufasha na bumwe bwa muganga.

Iki kibazo ca yegereyegere y'abaganga cabaye ikibazo ca politike gikomeye kandi kivugwako vyinshi mu gihe himirije amatora muri Kenya mu kwezi kwa munani uyu mwaka.