Inama ya G20 yananiwe gutangira ikumira mu rudandazwa

Trump ashaka ko Amerika yifatira ingingo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Urudanzwa rudakumira ntiruhuza n'umugambi wa Trump yise 'America first'

Abashikiranganji b'ubutunzi bo mu bihugu bikize kurusha ibindi bihurikiye mu mugwi G20, bavuye mu nama yabo badashoboye kwumvikana kugumizaho ingingo ibuza kwimirana mu rudandazwa.

Itangazo rirangiza ibiganiro hagati y'abashikiranganji b'ubutunzi b'ibihugu bigize umugwi G20, ryakuyemwo ingingo yo kwankira uwo wese yoza ashaka gukumira abandi mu rudandazwa mpuzamakungu.

Iyi ngingo yakuwemwo mu rwandiko rwasohowe inyuma y'inama yabereye mu muji wa Baden-Baden mu Budagi, inyuma y'aho Leta zunze Ubumwe za Amerika ziyankiye.

Umushikiranganji w'ikigega ca Leta zunze Ubumwe za Amerika Steven Mnuchin, yavuze ko igihugu ciwe cemera ingingo zo gukomeza urudandazwa mpuzamakungu, ariko ko ivyari mu rwandiko rw'umwaka uheze bitari bikwiye.

Mugenziwe w'Ubudagi Wolfgang Schaeuble, we yavuze ko bidashoboka gutegeka bagenzi we gukoresha imvugo itabagononokeye.

Ariko yemeza ko imigendenire hagati y'abashikiranganji b'ubutunzi, muri iyi minsi ibiri bari bamaranye yateye iba myiza aho gusubira inyuma.