Uwateye ku kibuga c'indege i Orly yari azwi n'inzego z'umutekano

Ikibuga ca Orly caciye cugagwa Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Ku kivuga c'indege ca Orly hari abaserikare benshi

Umugabo yishwe arashwe n'abajejwe umutekano ku kibuga c'indege ca Orly, abashikirizamanza mu Bufaransa bavuga ko yari asanzwe azwi n'inzego z'umutekano mu bindi vyaha.

Abategetsi bavuga ko yari asanzwe azwi ko akurikirana inyigisho z'ubutagondwa zitirigwa idini rya islamu.

Uwo mugabo azwi kw'izina rya Ziyed B, yari asanzwe azwiko ivyaha bitari bike nkandi yaraciye incuro nyinshi mu munyororo.

Igipolisi cemeje kandi ko yari yakomekeje umupolisi kuri bariyeri yaciyeko mu buraruko bwa Paris, imbere yo guhunga n'imodokari yerekeza ku kibuga c'indege ca Orly ari naho yashakiye kwambura inkoho umusurikare.

Se wiwe n'uwundi bavukana baciye bashigwa mu gasho kugirango basambishwe.

Ikibuga c'indege ca Orly caciye cugarwa, ariko uruhande rw'amahera mu burengero bwaco rwongeye kwugururwa.