'Ico nzokora muzokimenya vuba', Wenger

Arsenal yakorotse ku mwanya wa gatanu muri Premier League Uwufise ububasha kw’isanamu AP/Kirsty Wigglesworth
Image caption Arsene Wenger avuga ko azomenyesha ico azokora vuba

Umukuru w'umugwi Arsenal yatangaje ko azi ico agiye gukora kandi azokimenyesha vuba, amaze gutsindwa 3-1 n'umugwi West Brom, uru rukaba ari urukino rugira kane atsinzwe muri zitanu.

Ugutsindwa kwo kuri uyu wa gatandatu, kwatumye umugwi Arsenal ubura amahigwe yo kurangiza isekeza rya Premier League uri mu migwi ine ya mbere, ibitari bwaboneka kuva Arsene Wenger atanguye kumenyereza uyu mugwi mu 1996.

Yagize: 'Ndazi ico nzokora, kandi muzokimenya vuba'.

Arsene Wenger yavuze ko ivyo bitamuteye umwitwarariko munini, ahubwo ahangayikishijwe n'ibihe umugwi wiwe urimwo, ibihe utari bwigere ubamwo kuva mu myaka 20 iheze.

Ati 'tuguma dutsindwa umukino ku wundi', ati 'ivyo nivyo bindaje ishinga kuruta ivya kazoza kanje'.

Mu bisanzwe amasezerano ya Wenger azoherana n'isekeza ry'uyu mwaka, ariko yari kwiyongeza imyaka ibiri.