Inyenyeri ya Rock, Chuck Berry yashengeye

  • 19 Ukwa gatatu 2017
Ifoto ya Chuck Berry afise imyaka 87 Uwufise ububasha kw’isanamu EUROPEAN PHOTOPRESS
Image caption kugeza vuba Chuck Berry yari akiriterera akarisama

Umuririnvyi rurangiranwa yamenyekanye cane kubera imiziki ya Rock yo mu myaka ya 1950, Chuck Berry, yitavye Imana muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Abaririnvyi n'abanyamuzika , hamwe n'abakunzi ba Rock hirya no hino kw'isi bagandariye umuririvyi Chuck Berry yashengeye afise imyaka 90 muri leta Missouri.

Abari bazi Chuck Berry n'umuzika wiwe, bamushira mu bashinze umushinge w'injana ya Rock n' roll, bavuga ko yari uwambere mu banditse indirimbo zajanye n; iyo njana.

Chuck Berry yari azwi cane kw' isi hose kubera indirimbo ziwe zo mu myaka ya 1950, zirimwo 'Roll Over Beethoven', ' Seet Little Sixteen' na 'Johnny B. Goode'.