Turkiya yiyamirije imyiyerekano y'aba Kurdes mu Budagi

Ubudagi bwankiye abashigikiye leta ya Turkiya kuhakorera imyiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu BORIS ROESSLER/DPA VIA AP
Image caption Aba Kurdes barenga 30,000 bitabiriye imyiyerekano ya Frankfurt

Leta ya Turkiya ntiyanezerejwe no kubona Ubudagi bwahaye uruhusha aba Kurdes baturuka muri Turkiya, rwo gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza perezida Recep Tayyip Erdogan.

Imiji imwe imwe yo mu Budagi yarankiye abashigikiye leta ya Turkiya gutunganya amakoraniro yari yahamagajwe n'abashikiranganji ba Turkiya.

Umuvugizi wa perezida Erdogan yagirije Ubudagi uburyarya.

Abantu bagereranywa mu bihumbi mirongo itatu bitabiriye imyiyerekano y'aba Kurde muri Frankfurt kuri uyu wa gatandatu, aho bahamagarira abanyagihugu ba Turkiya gutora "oya" muri kamarampaka yo mu kwezi kuza kw'ibwirizwa nshingiro.

Ibwirizwa nshingiro rishaka gushigwa muri kamarampaka, ryongera ububasha umukuru w'igihugu wa Turkiya.