Igitero c'abiyahuzi cahitanye abantu bane muri Nigeria

Abenshi bahungiye mu makambi y' impunzi kubera Bako Haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibitero vya Boko Haram vyatumye bamwe bahunga

Igitero c'abiyahuzi cahitanye abantu bane muri Nigeria, hafi y'umuji wa Maiduguri, muburaruko bwa NIgeria, abandi bantu bakomeretse.

Umuvugizi w'igipolisi Viktor Isuku yavuze ko abateye bari abantu batatu, barimwo umugabo umwe n'abagore babiri, baciye bituritsa aho bariko babazwa n'umuntu wo mu mugwi ushikiye leta, ufasha gucunga umutekano.

Uwo muntu nawe yaciye acikana.

Maiduguri niho haturutse umugwi Boko Haram, umaze kwica abantu baharurwa mu 15,000 kuva ufashe ibigwanisho, uvuga ko ushaka kugwanya leta ya Nigeria, haraheze imyaka umunani.