Koreya ya Ruguru itangaza k'ubu naho yagerageje 'rocket'

Kim Jong-un yishimiye igerageza risha rya rocket Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umukuru wa Koreya ya ruguru yise iryo gerageza risha 'intambwe ikomeye mw'iterambere'

Umukuru wa Koreya ya Ruguru, Kim Jong-un yavuze ko igeragezwa rya 'rocket' ryabaye intambwe ikomeye y'amahinduka mw'iterambere.

Nta ruhande ataho rwegamiye ruragira ico ruvuze kuri iryo geregeza risha rivugwa n'ubutegetsi bwa Koreya ya Ruguru.

Bwana Tillerson yari akiri Pekin/Beijing ku mugwa mukuru w'Ubushinwa, kuganira na perezida Xi Jinping, igihe iryo geregezwa rya rocket ryatangazwa.

Yavuze ko perezida Trump yiteze kubonana na mugenziwe w'Ubushinwa.

Urugendo rwa Tillerson rwaranzwe ahanini n'umwitwarariko w'igeragezwa ry'ibigwanisho n'umugambi wa nucleaire wa Koreya ya Ruguru.