Intambara zongeye kureta muri Syria

  • 19 Ukwa gatatu 2017
Ingabo za Syria zikomeza guhangana n';abagwanyi muri Damasiko Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ingabo za Syria zikomeza guhangana n';abagwanyi muri Damasiko

Ababa ku mugwa mukuru wa Syria Damasiko, amaja mu buseruko bavuga ko bumva urwamo rwa vya muzinga bibaca hejuru, bigwa hagati na hagati mu muji.

Ibisasu vyumvikanye mu muji wa Damasiko vyaturutse ku gitero giturumbuka c'abagwanyi b'umugwi wahora wiyita Nusra Front, ucuditse na al-Qaeda.

Ikigo c'itangazamakuru ca Syria, kimenyesha ko hakoreshejwe imyobo yo mu kuzimu mu kugaba ivyo bitero, mu karere ka Jobar.

Umugwi ugwanya leta ya Syria ufise icicaro mu Bwongereza, wemeza ko abagavye ico gitero baturikije ibisasu mu modokari zibiri, imbere yo kugeregeza ikirindiro c'ingabo za leta.

Igisirikare ca leta naco caciye gisubiza mu kwatsa umuriro w'ibisasu bitegwa n'indege.

Akarere ka Jobar kari hagati y'agace ko hagati mu muji wa Damasiko, n'agace ko mu buseruko bwa Ghouta, kifatiwe n'abagwanyi.