Ise w'umugabo yashatse gutera ikibuga c'indege ca Orly yarekuwe

  • 19 Ukwa gatatu 2017
Ikibuga ca Orly ubu kirakora ukuri kwamye Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Polisi iracacunze ikibuga c'indege ca Orly n'ubwo casubiye kwugurura

Ibiro vy'umushikirizamanza mukuru w'i Paris bimenyesha ariko ko uwo bavukana n'umugabo yashatse gutera ku kibuga c'indege ca Orly hamwe na mwene wabo bakiri mu mvuto, ariko se yarekuwe.

Ziyed Ben Belgacem yarashwe amaze gufatira inkoho yiwe ku musirikare yari ku kibuga c'indege ca Orly, ashaka kumwaka iyo yari afise yo mu bwoko bwa 'automatic' .

Belgacem yavuze ko ngo ashaka 'gupfira Allah'.

Imbere yo gushika aho ku bibuga c'indege, Belgacem yari yahise ararasa umupolisi aramukomeretsa, yiba n'imodokari.

Bivugwa ko yoba yaraherewe inyigisho z'ubutagondwa mu munyororo, ariko abagiye gusaka ku rugo iwe ahitwa Garges-les-Gonesse mu buraruko bwa Paris nta bimenyetso bahasanze.