Uribaza ko umuntu yoshobora kubura akazi kubera izina?

Umugabo w'imyaka 25 yanonosoye ivyo ubuhinga bw'ibigendera mu mazi, nta mwikomo afitiye sekuru yamuhaye izina risa n'iryo uwahora ayoboye Iraq.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Inyuma y'imyaka yishwe abo bitiranwa na Saddam bo ntibamwibagira

Ariko amaze kubura akazi incuro 40 zose, yahavuye atangura kwikeka ko rimubereye intambamyi, n'ubwo ridahuye ijana kw' ijana n' irya 'Saddam Hussein', kuko we iryiwe ryandikwa 'Saddam Hussain'.

Yigiriye inama yo kuja muri sentare gusaba guhindura amazina yiwe, ariko ntivyashotse binyaruka, n'ubu agakeka ko ari vyo bikimutebeje kuronka akazi.

Inyuma y'imyaka ibiri arangije kaminuza, uwo mugabo aturuka muri Jamshedpur mu ntara ya Jharkhand atanguye kwumva ingaruka zo kwitiranwa n'uwafatwa na benshi nk'umutegetsi w'igikenye.

Mw'ishure yarabitora neza, kandi abo biganye barimwo n'abo yarusha baramaze kuronka ubuzi, ariko we aho adodoye ku mashirahamwe ajejwe gutwara amato, ntawumwakira.

Yibaza ko abakoresha batinya kumuha akazi, kubera bashaka kwirinda ibibazo yotegwa n'igitabo ciwe c'inzira, bitututse ku mazina yiwe.

Saddam yigiriye inama yo guhindura izina akitwa Sajid, ariko rero n'ubu ibintu ntaho biragera, kuko adashobora kwerekana amashure yize, akoresheje iryo zina risha.

Ubu arindiriye urundi rubanza mukwezi kwa gatanu, ruzotegeka abarongozi kumuhindurira impapuro ziwe z' umutsindo kuva mu mashure yisumbuye, zikandikwako amazina yiwe masha, gutyo akabona kuronka impamyabushobozi nayo iriko ayo mazina nyene.

Sajid ico kibazo ntacisangije we nyene, ariko ashobora kwumva ko bimukomereye gusumba abandi ba Saddam Hussein bo muri Iraq, nabo batoranye iceyi batewe n'iryo zina bahawe bitirigwa umutegetsi, yahavuye asiga iragi ryo kwitwa umunyagikenye.

Kwitwa Saddam muri Iraq

Umwe mu bitwa Saddam, w'umunyamakuru muri Ramadi, umuji urwiriyemwo aba Sunni muri leta ya Anbar, yauze ko se yakuwe mu kazi ka leta azira ko atashoye kumvisha abakoresha biwe ko atari uwo mu bwoko bwa Ba'ath Saddam yaturukamwo.

Aho ngo n'uko yari yise umuhungu wiwe Saddam, ariko rero bo bavuga ko ata kundi bari kwiyumvira kuko nta kumwereka ko amwiyumvamwo gusumba kumwitirira umwana wiwe.

Hari abandi vyagize ko ingaruka zikomeye kuruta.

Umwe mu bitwa Saddam ngo yaguye mu mugwi w'abarwanyi b'aba Shia, baramupfukamika bamufatira inkoho ku nkomokomo. ku mahigwe ururasu rwaranse gusohoka, baba baramuretse.

Hari uyundi akiri umwana yahora yirigwa akekezwa na bagenziwe bariko bakina umupira, bamubwira ngo "si twe gusa tukwanka, n'igihugu cose kirakwanka".