Intambara y'abungere yahitanye 10 muri Kenya

Hari abungere bamaze kwimuka kubera uburagiro
Image caption Uruzuba rutanguye gutuma bamwe babura uburagiro muri Kenya

Indyane zadutse hagati y'imigwi y'abungere muri Kenya bivugwa ko zahereye ku kwibana inka, mu gace ka Kom akarere ka Isiolo mu buraruko bw'umugwa mukuru wa Kenya Nairobi, zahitanye 10.

Uruzuba rumaze igihe muri Kenya rwatumye bamwe mu borozi bimuka bakaja kurondera uburagiro aho batari basanzwe baba.

Ukwo kwimuka kwazanye imishamirane hagati y'abungere b'ibitungwa mu bice bitari bike vya Kenya.

Abategetsi barungitse abajejwe umutekano ahabereye ako kaguma, kugira barinde ko abantu basubira gutana mu mitwe.