Ngo 'nta kimenyetso c'ubufatanye bwa Trump n'Uburusiya'

  • 19 Ukwa gatatu 2017
Amerika irashaka kumenya nimba Trump yarakoranye n'Uburusiya mu matora Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umugwi wa Devin Nunes buca wumviriza umukru wa FBI

Devin Nunes,umukuru w'umugwi w'inama nshingamateka ujejwe iperereza muri Amerika, avuga ko ata kimenyetso yabonye c'ubufatanye hagati y'Uburusiya n'abari bajejwe gufasha Trump mu gikorwa co kwiyamamaza.

Mu kiganiro yahaye tereviziyo Fox News, umukuru w'uwo mugwi w'inama nshingamateka, yavuze kandi ko ata kimenyetso cerekana ko iwahoze ari umukuru w'igihugu Barack Obama, yoba yaratumye kuneka icicaro gikuru ca Donald Trump, Trump Tower.

Bwana Nunes yashikirije ivyo mu gihe buca umukuru w'ibiro vy'iperereza mu gihugu FBI, James Comey, arenguka imbere y'uwo mugwi kwishura ibibazo bijanye n'ico yoba azi ku kwivanga kw'Uburusiya mu matora aherutse muri Leta zunze Ubumwe za Amerika.