Igiti cishe 20 muri Ghana

Isumo rya Kintampo mu 2010 Uwufise ububasha kw’isanamu SANDISTERTEI
Image caption Isumo mrya Kintampo mu 2010

Abantu 20 bapfuye abandi benshi barakomereka inyuma yaho igiti kinini kibagwiriyeko kw'isumo rizwi cane rya Kintampo, mu gihugu ca Ghana.

Abitavye Imana bariko baroga mu mvura ivanze n'umuyaga, igihe iyo mpanuka yaba, niko ubutegetsi bwavuze.

Bivugwa ko ico giti cakorowe n'umuyaga.

Umuvugizi w'ikigo c'igihugu gifasha kugwanya impanuko zitewe n'umuriro, Prince Billy Anaglate, yavuze ko iryo sanganya ryabereye kw'isumo rya Kintampo mu ntara ya Brong-Ahafo.

Umurwi ugizwe n'abapolisi hamwe n'abo mu kigo gifasha kugwanya umuriro bashitse aho vyabereye, mu ntumbero yo kurokora abakwamiye munsi y'ico giti.

"Uruti amahero rwaguye igihe imvura yatangura kugwa ruryama ku bantu bariko mbararyohegwa," niko umuntu yabibonye yabwiye ikinyamakuru co muri Ghana, Starr News.

"Benshi muri bo bari abanyeshule ba "Wenchi Senior High School". Abandi bari abakerarugendo .

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Ico giti amahero cafyonyanze abo banyeshule bariko baroga

Turiko turagerageza gutabara abakwamye mu guca ico giti."

Bwana Anaglate yabwiye ikigo c'itororokanirizo ry'amakuru AFP, ko abanyeshhule 18 bahapfiriye, abandi babiri bapfira mu bitaro.

Yavuze ko abantu 11 barimwo umutegetsi w'ishule yabaherekeje bariko baravugwa.

Hari ayandi makuru avuga ko abakomeretse boba bashika kuri 20. Bavurigwa ku bitaro vy'igihugu vya Komine ya Kintampo.

"Twifadikanije n'imiryango y'abapfuye kandi dusengera n'abakomeretse," niko umushikiranganji wa Ghana ajejwe abakerarugendo Catherine Abelema Afeku yavuze mw'itangazo.