Arsenal yoba irondera umumenyereza wa Dortmund

Umumenyereza wa Borussia Dortmund Thomas Tuchel Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umumenyereza wa Borussia Dortmund Thomas Tuchel

Umurwi w'umupira w'amaguru wo mu gihugu c'Ubwongereza Arsenal urahakana ko umaze iminsi urondera guha akazi umumenyereza wa Borussia Dortmund, Thomas Tuchel, yosubira mu kibanza ca Arsene Wenger.

Amasezerano y'akazi y'uwo mumenyereza aturuka mu gihugu c'Ubufaransa, azorangirana n'uyu mwaka ariko akaba amaze kwemeregwa iyindi myaka ibiri.

Wenger, imyaka 67, yavuze ko azomenyesha "vuba cane" niba azoguma muri uwi mugwi ni yamara kwiyumvira ibijanye na kazoza kiwe.

Amaze igihe akurikiranwa n'abakunzi b'umurwi Arsenal inyuma yaho uwo murwi utsindiwe incuro zine mu nkino zitanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Abakunzi ba Arsenal basabira Wenger kuva mu bumenyereza bw'uwo murwi

Urukino rwa nyuma Arsenal iherutse gutsindwamwo n'urwo ku munsi wa gatandatu ikina na West Brom aho yatsinzwe 3-1, Arsenal ica imanuka mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa rya Premier League, ikaba ishobora kudaheza mu mirwi ine ya mbere irekuriwe guca yinjira mw'ihiganwa rya Champions League, bukaba bwoba bubaye ubwa mbere kuva Wenger afata uwo murwi mu 1996.