Papa Francis yasabiye ikigongwe Ekleziya y'u Rwanda ku vyaha vya jenoside

Papa Francis yakira akaganuke aherejwe na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa Francis yakira akaganuke aherejwe na Prezida w'u Rwanda Paul Kagame

Papa Francis yasabiye ikigongwe Ekleziya y'u Rwanda ku "bicumuro n'inyifato ya bamwe bo muri Ekleziya ...baguye mu vyaha vy'urwanko n'ubwicanyi" igihe ca jenoside mu Rwanda.

Yavuze ayo majambo mu nama yagiranye na Prezida Paul Kagame w'u Rwanda, mu rugendo arimwo i Vaticano.

Ukwo gusaba ikigongwe gukurikiranye n'ivyo u Rwanda rwasavye mu kwezi kwa 11, ko Ekleziya Gatolilka yosaba ikigongwe ku ruhare abapatiri n'abandi bihebeye Imana bagize mu bwicanyi bwo mu 1994.

Mu majambo yashikirijwe na Radio Vatican, Papa "yipfuje ko vyemegwa ko hari ibitagenze neza ico gihe, vyambitse iceyi Ekleziya, ko vyofasha mu kwibagira, kugarukana icizere n'amahoro".

Ku rundi ruhande Leta y'u Rwanda yamenyesheje ko abo bategetsi babiri baganiriiye no ku mibano ya Ekleziya Gatolika n'igihugu c'uRwanda, nkuko umushikiranganji w'imigenderanire y'u Rwanda n'amakungu Louise Mushikiwabo yavuze.

"Prezida Kagame hamwe n'umwungere mukuru bavuganye ku bintu bitandukanye vy'imibano hagati y'u Rwanda na Ekleziya Gatolika. Prezida Kagame yashimye uruhara rwa Ekleziya mu mibano, ubutunzi n'iterambere ry'igihugu, na cane cane mu ndero no mu buvuzi."

Muri urwo rugendo, umukuru w'igihugu c'u Rwanda yaherekejwe n'umutambukanyi wiwe Jeannette Kagame.

Uwufise ububasha kw’isanamu Rwanda Presidency
Image caption Prezida Paul Kagame na Jeannette Kagame bakikuje Papa Francis

Igihe ca jenoside yamaze iminsi 100, abantu barenga 800 000 bagizwe n'abatutsi hamwe n'abahutu bacisha make, barishwe n'abahutu b'intagondwa. Ubwicanyi bwinshi bwabereye mu masengero aho abanyagihugu bari bahungiye. w'iterambere