Bastian Schweinsteiger wa Man Utd yimukiye muri Amerika

Bastian Schweinsteiger yashikanye umurwi w'Ubudagi ku gikombe mw'ihiganwa ry'isi yose mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Bastian Schweinsteiger yashikanye umurwi w'Ubudagi ku gikombe mw'ihiganwa ry'isi yose mu 2014

Umukinyi wo hagati w'umurwi Manchester United wo mu Bwongereza, Bastian Schweinsteiger, agiye gukina mw'ihiganwa "Major League Soccer" mu murwi Chicago Fire.

Hari amasezerano yashoboye gushikwako ku munsi wa mbere hagati y'iyo mirwi ibiri, uwo mukinyi akaba ariko asabwa kurondera uruhusha rwo kwinjira muri Amerika (visa) hamwe n'ikinga ry'amagara (assurance).

Uwo mukinyi yigeze kurongora (capitaine) umugwi w'igihugu c'Ubudagi afise imyaka 32, yateye umukono ku masezerano y'umwaka n'umurwi mushasha, niko ikinyamakuru Tribune de Chicago kivuga.

"Ndababaye kuba nsize bagenzi banje ba Manchester United," niko yavuze. "Ariko ndashimira umurwi kuba wampaye akaryo ko gukina mur'uno murwi mushasha naho bitoroshe."

Yongeye ati: "Ndashima ingene nakoranye n'umumenyereza, abakinyi hamwe n'abandi bakozi ariko ugushima kwanje kuja cane ku bakunzi b'umurwi. Nzokwama nibuka ingene bitanga n'ingene bakunda umurwi."

Schweinsteiger, yari arongoye umurwi w'igihugu c'Ubudagi watsinze ihiganwa ry'igikombe c'isi yose mu 2014, yavuganye n'abarongoye umurwi Chicago Fire mu mwaka uheze ariko ahitamwo kuguma muri Man Utd yashobora kuba yagiye mu kwezi kwa mbere.

Umurwi Chicago Fire agiyemwo wavuze ko muri kino gihe umukeneye.