Abantu 26 bishwe n'inzara muri Somalia

Imiryango myinshi iri mu turere turimwo uruzuba rwinshi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imiryango myinshi iri mu turere turimwo uruzuba rwinshi

Niburiburi abantu 26 bishwe n'inzara mu bumanuko bw'igihugu ca Somalia mu ntara ya Jubaland, niko i radio y'igihugu yavuze.

Yasubiyemwo umushikiranganji w'intwaro yo hagati hamwe n'uwurongoye umurwi ujejwe kugwanya uruzuba Abdirahman Mohamed Hussein, bavuze ko bapfuye mu ma saha 36 aheze.

Yasavye ko hogira abitanga ngo bafashe kugwanya iyo nzara, niko Radio Mogadishio yashikirije.

Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres, yavuze mu kwezi guheze yagendeye Somalia, ko abantu imiliyoni zitandatu bakeneye imfashanyo.

Igihugu kirageramiwe n'uruzuba rumaze kwica ibitungwa vyinshi, rutuma inzuzi n'amariba y'amazi bikama, ibitegwa vyuma.

Abantu baharugwa mu majana baravuye muri iyo ntara ya Jubaland bimukira ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadishio.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abanyagihugu bimuka bava mu ntara ya Jubaland, benshi muri bo bunguruzwa n'indogobwa

Ibrahim Abdow, afise imyaka 62, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko yavuye Jubaland ku ndogobwa, munyuma yurira bisi yamushikanye Mogadishio.

"Inka zacu hamwe n'imirima vyarazimanganye. Inzuzi zarumye n'amariba yarakamye,"niko yabwiye ico kigo c'itangazamakuru kimusanze aho yashinze ihema ryo kuryamamwo i Mogadishio.

Muri kino gihe, abanyagihugu ba Mogadishio bariko barafasha abasinzikaye mu kubaha imfungugwa, ariko bakavuga ko hari hakwiye agacumu k'ubumwe k'abagiraneza botanga vyinshi kurusha.