TV y'abihebeyimana yerekanye ibiterasoni muri Senegal

Mu bisanzwe Touba TV ikunze kwerekana ibiganiro vyerekeye Imana Uwufise ububasha kw’isanamu You Tube
Image caption Mu bisanzwe Touba TV ikunze kwerekana ibiganiro vyerekeye Imana

Imbonerakure (televiziyo) y'abihebeyimana mu gihugu ca Senegal yerekanye isinema y'ibiterasoni (pornographie), bihahamura abanyagihugu.

Touba TV yerekanye itabiteguye isinema irimwo abantu basambana ejo inyuma y'umutaga hagati ya 13:10 na 13:30 (isaha yo muri Senegal).

Ubutegetsi nabwo nyene bwarabonye iyo sinema.

Ikigo c'igihugu kigenzura imbonerakure "National Audiovisual Regulatory Council"casavye Touba TV ngo isigure ingene vyashitse aho.

Touba TV yavuze ko umugera winjiye mu muhora "network bug"ariwo watumye iyo sinema isohoka.