Ibibombe vyishe abantu bane muri Nigeria

Boko Haram iramaze kugaba ibitero vyinshi mu buraruko bwa Nigeria kuva mu 2009 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Boko Haram iramaze kugaba ibitero vyinshi mu buraruko bwa Nigeria kuva mu 2009

Niburiburi abantu bane bapfuye abandi 18 barakomereka, mu biturika vya bombe mw'ikambi y'abatayizabo no muri karitiye iri iruhande, i Maiduguri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria, niko igipolisi cavuze.

Abantu baba muri ako gace babwiye BBC ko bumvise ibintu bitatu biturika- bibiri mw'ikambi, ikindi muri karitiye iyegereye hafi y'ahitwa Muna, imodoka zikunze guhagarara.

Ubutegetsi bwibaza ko vyoba vyakozwe n'abiyahuzi b'umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Boko Haram, ariko nta vyemezo biraboneka gushika ubu.