Kenya: $39m zibwe hakoreshejwe nyabwonko

Kenya isaba amashirahamwe ya leta n'ay'abigenga ngukomeza umutekano w'akazi kabo Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Kenya isaba amashirahamwe ya leta n'ay'abigenga ngukomeza umutekano w'akazi kabo

Umugabo w'umu Kenya yagirijwe kwabura amabanga y'igisata kijejwe amakori muri Kenya, yiba imiliyoni 39 z'amadolari akoresheje "ordinateur" (nyabwonko)

Alex Mutunga Mutuku, yahakanye ivyo aregwa, nkuko ikinyamakuru co muri Kenya, Daily Nation, kivuga.

Ubushikirizamanza buvuga ko ari mu murwi munini w'abantu biba amahera mu mashirahamwe akomeye y'igihugu nay'abigenga.

Kubw'ikinyamakuru Standard, umushikirizamanza w'igihugu Edwin Okello yagize ati:

"Amakuru dufise ni nk'akamanyu k'umusozi. Ubwo busuma burakomeye kandi burimwo n'abantu bari inyuma y'igihugu."

Uwufise ububasha kw’isanamu Daily Nation
Image caption Alex Mutunga Mutuku yagirizwa inyuruzwa rya $39 miliyoni

Alex Mutunga Mutuku, umuhinga mu vy'itumanako, ngo yoba yatumye ikigo c'igihugu kigenzura amakori "Kenya Revenue Authority" (KRA) gihomba amahera Sh 3 985 663 858 n'ukuvuga $39 856 638.58.

Ayo mafaranga ngo yoba yagiye arapotera buhoro buhoro hakoreshejwe ibikoresho bitandukanye vyo mu bwoko bwa "electronique" birimwo za telefone ngendanwa, nyabwonko, n'ibindi.

Uwo mugabo w'imyaka 28 ngo akunze kuzunguruka mu karere, akaba avugwa cane muri Tanzania, mu minsi iheze yatembereye mu bihugu vy'Ubuhindi, Ubuganda n'u Burundi.

Ubushikirizamanza bwa Kenya bwasavye ko apfungwa iminsi 40 kugira ngo itohoza ryatanguye rishobore kurangira.