Ronnie Moran yahora ari "capitaine" wa Liverpool yasezeye isi

Ronnie Moran yagiye mu bamenyereza b'umurwi Liverpool mu 1966 Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Ronnie Moran yagiye mu bamenyereza b'umurwi Liverpool mu 1966

Umugabo yahora arongora umurwi w'umupira w'amaguru Liverpool, Ronnie Moran, yapfuye afise imyaka 83.

Moran yakiniye Liverpool incuro 379 hagati yi 1952 ni 1966, akaba yari mu bakozi bakoreye igihe kirekire uwo murwi imbere yuko aja mu karuhuko k'izabukuru mu 1998.

Yinjiye mu murwi w'abamenyereza mu 1966, aranaja no mu kibanza c'umumenyereza mukuru incuro zibiri, igihe Kenny Dalglish atangiye imihoho mu 1991, n'igihe Graeme Souness abagiwe umutima mu 1992.

Umuhungu wiwe niwe yavuze ko yapfuye ku munsi wa gatatu amaze igihe gito arwaye.

Moran niwe yari arongoye (capitaine) umurwi Liverpool ukinira Wembley mu rukino rwa nyuma "Finale" rwa FA mu 1992 igihe Souness yariko aratora mitende inyuma yaho abagiwe.