Afrika irifadikanije n'Ubwongereza ku gitero ca Londres

Igipolisi kimaze gufata abantu indwi ku bijanye n'ico gitero Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi kimaze gufata abantu indwi ku bijanye n'ico gitero

Ibihugu vya Nigeria na Kenya vyamenyesheje ko vyifadikanije n'Ubwongereza, inyuma y'igitero co ku munsi wa gatatu cahitanye abantu bane iruhande y'ingoro y'inama nshingamateka mu gisagara ca Londres.

Umugabo yateye ari umwe yaciye araswa arapfa, inyuma yaho akoreshereje imodoka ahonyanga abantu bari ku maguru, yicamwo batatu, acumita imbugita umupolisi yahavuye apfa, yari hanze iruhande y'ingoro y'inama nshingamateka

Mw'itangazo, umukuru w'igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari yabwiye abanya Nigeria ati: "ifadikanye n'abongereza muri kino gihe kibabaje kandi c'ibigeragezo mu gihugu cabo".

Yongeye avuga ko isi yose ikwiye kuja hamwe mu kugwanya "iterabwoba".

Acishije ku buryo bwa Twitter, umushikiranganji w'imigenderanire ya Kenya n'amakungu Amina Mohamed yavuze ati: "Duhojeje kandi dusengeye abatandukiriwe n'ico gitero c'i Londres, imiryango hamwe n'abagenzi."

Yongeye ati: "Kenya izokwama ikorana kandi yiyunze namwe mu kugwanya iterabwoba n'ubwicanyi bw'intagondwa."

Abantu indwi nibo bamaze gufatwa, inzu zitandatu zo muri Londres, Birmingham n'ahandi mu gihugu hagati zirasakwa, ku bijanya n'ico gitero, niko igipolisi cavuze.

Abantu 29 bakomerekeye muri ico gitero bariko baravurigwa mu bitaro, indwi muribo bakaba baremvye.

Uwasigariye icegera c'uwurongoye igipolisi Mark Rowley yavuze ati: "Itohoza i Birmingham, Londres n'ahandi mu gihugu rirabandanya. Turemera nkuko biguma vyibonekeza mw'itohoza turimwo, ko uwateye yari wenyene ariko ko yabikoze kw'izina ry'iterabwoba mpuzamakungu."