Abimukira 200 bapfuye ku nkengera za Libiya

Ibiziga bitanu gusa nivyo vyatowe Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ibiziga bitanu gusa nivyo vyatowe

Abantu 200 bagerageza kuja i Buraya gusabayo ubuhungiro bapfuye baguye mu mazi, inyuma yaho ubwato barimwo bwibiriye ku nkengera z'igihugu ca Libiya, nkuko ishirahamwe ry'abatabazi ryo mu gihugu ca Espagne cabishikirije.

"Proactiva Open Arms" yavuze ko yatoye ibiziga bitanu bireremba iruhande y'ubwato bubiri bwibiye, bumwe bugashobora gutwara abantu barenga 100. Laura Lanuza ari muri uwo murwi, yavuze ko abo bantu batanu barobwe mu kiyaga Méditarranée bari bakiri bato kandi ko biboneka ko basomye nturi.

Umuvugizi w'umurwi ugenzura inkengera z'ikiyaga mu Butaliyano ari nawe agenzura ibikogwa vy'ubutabazi, yemeje ivy'urupfu rw'abo bantu batanu.

Yabwiye BBC ko badashobora kwemeza igitigiri c'abapfuye catanzwe na Proactiva, kuberako ata bwato na bumwe bwigeze bubarungikira akamo gasaba ko botabagwa.

Umupfasoni Lanuza yavuze ko niburiburi abimukira 240 bashobora kuba bapfuye kubera ko ubwato bwuzura bukarengegwa.

"Twazanye ku bwato imibiri itanu y'abantu badafise ubuzima," niko uwo murwi wanditse kuri Facebook.

Igitigiri c'abimukira bagerageza kuja mu bihugu vya Buraya baciye muri Libiya no mu Butaliyano cariyongeye uno mwaka, kuva aho inzira yaca hagati ya Turukiya n'Ubugiriki yugariwe.

Abagenzura inkengera z'igihugu c'Ubutaliyano bavuga ko bamaze gufasha incuro 40, mu bikogwa vyo gutabara muri ino minsi ya vuba.

Ikigo kigenzura abimukira "International Organization for Migration" (IOM) kivuga ko abantu barenga 20 000 b'abimukira bashitse mu gihugu c'Ubutaliyano muri uno mwaka- kandi ko abashika 559 boba barapfuye abandi babura irengero.