Umushingamateka yakubise umukozi wo mu ndege mu Buhindi

Umushingamateka Ravindra Gaikwad Uwufise ububasha kw’isanamu PARLIAMENT OF INDIA
Image caption Umushingamateka Ravindra Gaikwad

Umushingamateka aheruka gukubita amakofe y'ikirato umukozi wo mu ndege, yahariwe ivomo mu kudashobora kwunguruzwa n'indege n'imwe y'ishirahamwe Indian airlines.

Ravindra Gaikwad yavuze ko "yamukubise incuro 25 n'isandare" kubera "amanyama" mu kuba atashoboye kumuronkera ikibanza c'abantu b'icubahiro "business class" mu rugendo yari afashe atwawe na Air India.

Air India yaciye yitwara ku munsi wa kane, munyuma ivuga ko Bwana Gaikwad ahagaritswe kugendera mu ndege zose z'ishirahamwe ry'indege zo mu Buhindi "Federation of Indian Airlines" (FIA).

Abanywanyi ba FIA ni IndiGo, Go Air, Spice Jet na Jet Airways.

Mu rwandiko rwarungitswe FIA yasavye ko "hofatwa ingingo ikomeye " kuri Bwana Gaikwad n'ayo mashirahamwe y'indege.

"Twemeza ko gukubita umwe mu bakozi bacu ari nko gukubita twese kandi twisunga amategeko y'igihugu mu kazi kagoye kadufasha kubaho," iryo tangazo niko rivuga.

Uwo mushingamateka yabwiwe ko adashobora kuronka ikibanza ca "business class" mu rugendo rwamukura Pune aja Delhi, kuberako ibibanza vyose vyari ivya "economy"(ibibanza vya nyuma vyo mu ndege), niko amakuru avuga.