CPI igiye gushumbusha abazize ubwicanyi bwatewe na Germain Katanga

Katanga apfungiwe muri DR Congo
Image caption Katanga apfungiwe muri DR Congo

Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI) igiye gushumbusha imiryango y'abantu hamwe n'abantu bagize ingorane mu bwicanyi bwatewe n'ingwano yakwezwe na Germain Katanga, niko umumenyeshamakuru wa BBC Anna Holligan yamenyesheje.

CPI yasohoye itegeko ngo amahera ashobore gutangwa mu ntumbero yo gushumbusha abo bantu.

Amahera umuliyoni $1 niyo agiye guhabwa ku bantu 297 ku gitero co mu 2003 cabereye muri Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo, gikozwe na Bwana Katanga.

Iruhande y'ayo mahera rusangi, umuntu umwumwe mu bakozweko n'ubwo bwicanyi, yahawe $250.

Germain Katanga ari mu gipfungo c'imyaka 12 ku vyaha bijanye n'ubwicanyi bwo mu ntambara.

Mu gihe Bwana Katanga adafise ayo mahera, CPI izokoresha amahera atangwa n'ibihugu vyemeje ukubaho kw'iyo sentare.