Abambaye "collants" babujijwe kwurira indege muri Amerika

The company's response on Twitter has also been heavily criticised Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption The company's response on Twitter has also been heavily criticised

Ishirahamwe ry'indege ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ryabujije abigeme babiri gufata urugendo n'indege yaryo kuberako bari bambaye za pantalo zifatanye n'umubiri "collants".

Indege ya United Airlines yari ifashe urugendo ivuye Denver igiye muri Minneapolis ku munsi wa Mungu, niko uwugwanira amateka Shannon Watts yavuze.

Ishirahamwe United rivuga ko abo bakobwa bari bafise urukaratasi rw'inzira ruhambaye rukoreshwa n'abakozi hamwe n'abashitsi babo, abarufise bakaba hari ivyo bisunga mu kwambara.

Ryasiguye ko abantu basanzwe kandi bariha amatike barekuriwe kwambara izo "collants".

Abo bakobwa "bari bafise urukaratasi rw'ingenzi rutangwa na United", ni amatike ahabwa mu bisanzwe abakozi b'iryo shirahamwe canke imiryango yabo, niko ryasiguye ku rubuga hwaniro rwa Twitter.

"Ingenzi zifise urukaratasi rwa United" zifata urugendo ku buntu canke zikagabanirizwa cane amahera y'itike.

Ibisabwa mu kwambara ku bafise urwo rukaratasi nuko habujijwe "impuzu zifata umubiri, uduhuzu two mu bitugu tugarukira hejuru y'umukondo, amapantalo hamwe n'amakanzu". Ibindi ni ukutambara amajipo magufi, amakambambiri canke amasandare.

Uwuharanira amateka Shannon Watts yarungitse ubwo butumwa avuga ivyashikiye abo bakobwa batanu igihe bariko bagerageza gufata urugendo ku kibuga c'indege ca Denver.

Yavuze ko umukozi wo muri United yariko ategeka abo bakobwa barimwo umwe afise imyaka 10, guhindura impuzu canke bagashira amakanzu hejuru y'ayo ma "collants".

Yavuze ko batatu muri bo bashoboye gufata urugendo babanje kwambara amakanzu hejuru y'izo "collants", ariko babiri babujijwe kwinjira indege.

Shannon yarungitse ubutumwa igihe ivyo vyaba.

Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Ubutumwa bwa mbere bwa Shannon

United nayo yamwishuye muri ubu buryo: "Turashimishijwe n'ukutubera amaso n'amatwi. Abakiriya bacu bari bafise uruhusha rwa United."

"Hari inyambaro isabwa ku bafise uruhusha rwa United kuko baba baserukira UA igihe bagurutse."

Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Inyishu ya United
Uwufise ububasha kw’isanamu TWITTER
Image caption Ubutumwa bwa United