Umuririmvyi yarapfunzwe muri Tanzania yarekuwe

John Magufuli wa Tanzania
Image caption John Magufuli wa Tanzania

Umushikiranganji ajejwe ihererekana ry'amakuru mu gihugu ca Tanzania Harrison Mwakyembe yategetse ko umuririmvyi w'umudiho wa "rap" Ney wa Mitego arekugwa.

Yari yapfunzwe ku munsi wa Mungu mu kuba yasohoye indirimbo ituka ubutegetsi.

Iyo ndirimbo yatanguye kumenyekana mu ndwi iheze, ica ihererekanwa ku rubuga hwaniro.

Umurongo umwe w'iyo ndirimbo ubaza uti: "Hoba hari umwidegemvyo mu kuvuga muri kino gihugu?", iyo ndirimbo ikaba ishingiye ku muganga atipfuza uwovuga ku vyo akora.

Ubutumwa bwa Twitter bw'umuvugizi wa reta busaba uwo muririmvyi "kuryohora" ururirimbo rwiwe.

Ubwo butumwa bwa Twitter bashikirijwe mu giswahili buvuga buti: "Umushikiranganji ajejwe ihererekana ry'amakuru Dr Harrison Mwakyembe ategetse ko umuririmvyi w'umudiho wa rap Nay wa Mitego arekugwa ariko akaryohora indirimbo yiwe."