Abanyeshule n'umwigisha bishwe n'urubuye rw'urubura mu Buyapani

Abantu 70 nibo bari mu myimenyerezo yo kuduga imisozi iriko urubura Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu 70 nibo bari mu myimenyerezo yo kuduga imisozi iriko urubura

Abanyeshule indwi hamwe n'umwigisha bishwe n'urubuye rw'urubura mu Buyapani, mu gace gakunze gukoregwamwo urukino rwo kunyerera ku rubura, ski.

Urwo rubuye rw'urubura rwabateye ku munsi wa mbere hafi ya Nasu, mu ntara ya Tochigi, ibirometero 120 mu buraruko bwa Tokyo.

Abandi bantu 40, bagwiriyemwo abanyeshule, bakomeretse, babiri bakaba baremvye, niko amakuru avuga.

Abagize ivyago bari mu murwi w'abantu 70 bo mu mashule atandukanye, bari mu myimenyerezo y'iminsi itatu yo kuduga imisozi yuzuye urubura.

Abantu baharugwa mu mirongo, bari mu bikogwa vy'ubutabazi naho hari ikirere kibi n'urubura rwinshi rugwa.

"Abantu bose twabamanukanye mu kiyaya kandi turiko tubatwara ku bitaro," niko umukuru w'intara yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Ubutegetsi buvuga ko abo bantu umunani ata cerekana ko bakibaho.

Mu Buyapani abaja mu bikogwa vy'ubutabazi ntibarekuriwe kuvuga ko umuntu yapfuye umuganga atari we avyivugiye mu bitaro.

Ako karere kamaze iminsi ibiri kagwamwo urubura rwinshi kandi ubutegetsi bwari bwaragabishije ko gashobora kwadukamwo ibibuye vy'urubura.

"Hama haba impanuka zitewe n'ibibuye vy'urubura rimwe canke kabiri ku mwaka muri kano gace, ariko ntivyari bwabe nka kuno," ikigo kigwanya umuriro niko cabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Uwundi mutegetsi yabwiye Reuters ko hagiye kuba itohoza, mu ntumbero yo kumenya igituma uwo murwi warekuriwe kuja aho hantu, kandi bwari bwagabishije abanyagihugu.