Igiceri c'imiliyoni $4 cibwe i Berlin mu Budagi

Ico giceri cibwe gishushanijeko umwamikazi Elizabeth wo mu Bwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ico giceri cibwe gishushanijeko umwamikazi Elizabeth wo mu Bwongereza

Igiceri kinini cane gikozwe mu nzahabu gishushanijeko umwamikazi Elizabeth II wo mu Bwongereza gifise agaciro k'imiliyoni zine z'amadolari, cibwe mu nyubakwa y'indangamico mu gihugu c'Ubudagi.

Ico giceri c'igihugu ca Canada ciswe "big maple leaf"(ibabi rinini rya érable), gifise agaciro k'umuliyoni umwe w'amadolari- ariko kubera gipima 100kg z'inzahabu za carat 24, igiciro caco gica kija hejuru.

Cibwe mw'ijoro mu nyubakwa ndangamuco ya Bode i Berlin mu Budagi.

Ntawuramenya ingene ibisuma bitarezwe n'inkengeri yivuza (alarme) n'ingene vyatwaye ico giceri kiremereye.

Ubwo busuma bwabaye hagati ya 03:30 ku munsi wa mbere mu gitondo (01:30 GMT).

Ico giceri kiraremereye ku buryo ata muntu umwe yari gushobora kugitwara, igipolisi ciyumvira ko ibisuma vyacivye vyaciye mw'idirisha.

Hari ingazi yatowe hafi y'iyo nyubakwa ndangamico.