Umukwe wa Trump agiye kubazwa ku migenderanire yiwe n'Uburusiya

Bwana Kushner niwe agiye kurongora umurwi ugenzura ibikogwa vyo mu biro kwa Prezida Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Kushner niwe agiye kurongora umurwi ugenzura ibikogwa vyo mu biro kwa Prezida

Umukwe n'umufasha wa Preszida wa Amerika Donald Trump agiye kubazwa n'umurwi ujejwe gutohoza ku migenderanire ya sebukwe n'Uburusiya.

Jared Kushner niwe yisabiye kuvugana n'umugwi w'inama nshingamateka ujejwe iperereza "Senate Intelligence Committee", niko ibiro vy'umukuru w'igihugu, White House, vyavuze.

Wihweza nimba Uburusiya bwarivanze mu matora aheruka mu mwaka uheze, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ibigo bijejwe iperereza muri Amerika biziko Uburusiya bwabuye amabanga igihe c'amatora, mu ntumbero yo gufasha Bwana Trump ngo atsinde Hillary Clinton.

Uburusiya bwarahakanye ivyo bwegekwako, Prezida Trump we yivugira ko ari amakuru y'ibinyoma "fake news".