Intureka zatumye bamwe bakomereka abandi bapfungwa mu Bufaransa

Abari mu myiyerekano bandika ijambo "violence" bakoresheje amabuji igihe bakorana ku munsi wa mbere Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abari mu myiyerekano bandika ijambo "violence" bakoresheje amabuji igihe bakorana ku munsi wa mbere

Intureka zabereye mu gisagara ca Paris mu Bufaransa kubera urupfu rw'umushinwa, zatumye abapolisi batatu bakomereka, abantu 30 barapfungwa.

Abari mu migumuko bakoreye imyiyerekano iruhande y'ibiro vy'igipolisi ku munsi wa mbere, ngo basezerane icubahiro uwo mugabo yishwe.

Umuryango wiwe warahakanye ivyo igipolisi cashikirije, kivuga ko yagwanye n'umupolisi afise umukasi.

Ubushinwa bwidoze busaba igihugu c'Ubufaransa gukingira abenegihugu babwo.

Uwo mugabo w'imyaka 56 afise abana batanu, Liu Shaoyo, yishwe ku munsi wa Mungu mw'ijoro mu gisagara ca Paris, muri arondisema ya 19.

Igipolisi kivuga ko yuguruye umuryango asimbira ku mupolisi afise icuma gisongoye, umupolisi akizwa nuko yari yambaye ikoti ikinga amasasu (gilet parre-balles), ariko munyuma umupolisi mugenziwe aca arasa uwo mugabo.

Uwunganira umuryango mu rubanza yavuze ko atemera na gato ivyavuzwe.

Umwe mu bakobwa b'uwo mugabo yabwiye ikinyamakuru c'Ubufaransa ko se, yarasanzwe avuga igifaransa gikeyi, yagiye kwugurura afise umukasi yariko arakoresha ategura ifi.

"Babomoye umuryango, urusasu rurasohoka hanyuma papa aca agwa hasi," niko yabwiye ikinyamakuru Le Parisien.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'Ubushinwa n'amakungu, bwidoze busaba ubutegetsi bw'Ubufaransa gukora ibishoboka vyose ngo busobanure ingene vyabaye, bwongere bukingire abenegihugu babwo ku bijanye n'umutekano hamwe n'amateka yabo.

Igipolisi kivuga ko citeguye kuvugisha uwo muryango kuri uno wa kabiri ku mugoroba.

Niburiburi abantu 150 nibo bagiye mu myiyerekano yo ku munsi wa mbere, bamwe bavuga bati"mwa bicanyi!"