Umuryango wankiwe ko umwana wabo yitwa Allah

Abavyeyi bafise amakenga ko umukobwa wabo ashobora kubura ubwenegihugu mu gihe atoba ahawe ikete ry'amavuko Uwufise ububasha kw’isanamu ACLU
Image caption Abavyeyi bafise amakenga ko umukobwa wabo ashobora kubura ubwenegihugu mu gihe atoba ahawe ikete ry'amavuko

Umuryango uba mu ntara ya Georgia muri Amerika wankiwe ko umwana wabo yitwa Allah, witura ubutungane.

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwanse guha ikete ry'amavuko umwana amaze amezi 22 avutse.

Elizabeth Handy na Bilal Walk bavuze ko badashobora kwemera ko umwana wabo, ZalyKha Graceful Lorraina Allah, aguma ngaho ata mazina azwi n'ubutegetsi afise.

Abakozi ba leta bavuze ko izina ry'uwo mwana ryari rikwiye kuba nka Handy, Walk ariko ngo ntirikwiye kuba Allah.

Allah ni ijambo ryo mu carabu risigura Imana.

Ikigo giharanira umwidegemvyo w'abanyagihugu "American Civil Liberties Union" (ACLU) gikorera mu ntara ya Georgia, cashingishirije umuryango urubanza muri sentare ya Fulton County Superior.

Se w'ako kana k'agakobwa yabwiye ikinyamakuru Atlanta Journal-Constitution, ko bise umwana wabo Allah kuberako ari izina rihambaye.

"Sivyo na gato kandi bihonyanga agateka kacu," niko Bwana Walk yavuze kukubona ubutegetsi bwanse kwemera iryo zina.

Ku rundi ruhande, abahinga mu vy'amategeko baserukira ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bavuga ko mu ntara ya Georgia "izina ry'umwana riba irya se canke irya nyina kugira ngo vyorohe gukurikirana".

ACLU ivuga ko mu gihe uwo mwana atoba ahawe ikete ry'amavuko, ko abavyeyi badashobora kuronkera umukobwa wabo inomero y'ikigo c'ukwitegekaniriza kazoza "Social Security number".

Muri ico gihe uwo mukobwa ashobora kubura karangamuntu n'ubwenegihugu.

ACLU ivuga ko kubuza uwo muryango ivyo wipfuza ko biteye kubiri n'ibwirizwa shingiro.

"Abavyeyi nibo batanga izina ry'umwana," niko Michael Baumrind yunganira umuryango mu rubanza, yavuze. "Si leta. Runo ni urubanza rworoshe."