Messi yahagarikiwe inkino zine ku "gutukana"

Messi yashavujwe nuko bavuze ko yagize ikosa mu gukina Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Messi yashavujwe nuko bavuze ko yagize ikosa mu gukina

Umukinyi w'imbere mu mupira w'amaguru Lionel Messi yahagaritswe gukina inkino mpuzamakungu zine, hasigaye amasaha atanu n'igice ngo umurwi akinamwo wa Argentine uhure na Bolivie mu nkino z'ijonjora z'igikombe c'isi yose.

Uwo mukinyi ari mu mirwi ya Argentine na Barcelone, yahanywe mu kuba yabwiye "amajambo y'ibitutsi" umufasha w'umuhagarikizi mu rukino rwo ku munsi wa kane, Argentine yatsinzemwo Chili 1-0.

Messi ari nawe yinjije ico gitsindo catumye baja mu rukino rukurikira, yatewe n'agashavu bavugije ko agize ikosa, aca aduza amaboko kandi akomera induru umufasha w'umuhagarikizi.

Uwo mukinyi w'imyaka 29 yasabwe kandi gutanga amande ya $ 10 130.

Ntazokina inkino zine zikurikira z'umurwi w'igihugu ciwe.

Argentine iri mu kibanza ca gatatu mw'ihiganwa ry'ijonjora ry'igikombe c'isi yose muri Amerika Yepfo. Yari igisigaranye inkino zitanu.