Umuntu yamizwe n'inzoka muri Indonesia

Igipolisi kivuga ko cabaze iyo nzoka gisangamwo uwo mugabo Uwufise ububasha kw’isanamu WEST SULAWESI POLICE
Image caption Igipolisi kivuga ko cabaze iyo nzoka gisangamwo uwo mugabo

Umugabo w'umunya Indonesia yari yarabuzwe irengero yatowe yapfuye yamizwe n'isato, niko igipolisi cavuze.

Akbar yabuzwe irengero ku munsi wa Mungu kw'izinga rya Sulawesi, avuye gukanya amavuta y'ibigazi.

Igihe bariko bararondera uwo mugabo w'imyaka 25, igipolisi cabwiye BBC ikorera muri Indonesia, ko cabonye ikiyoka amahero, cikeka ko arico camize uwo mugabo.

Igipolisi caciye kibaga iyo nzoka y'uburebure bw'imetero indwi, gisanga uwo mugabo mu nda yayo.

Isato zo mu bwoko "reticulated pythons" ziri mu bikoko birebire vya mbere kw'isi bigenda bikuba inda (reptiles).

Imbere yuko bimira umuntu bibanza kumuniga.

Ni gake isato zica kandi zirya abantu, ariko rimwe na rimwe ziramira abana bato canke ibikoko.

Umuvugizi w'igipolisi ca West Sulawesi, Mashura, yabwiye BBC ko abanyagihugu aribo babwiye igipolisi ko haheze amasaha 24 atawuzi irengero rya Akbara.

Igipolisi caciye gitangura kumurondera munyuma gisanga inzoka mw'ishamba ry'ibigazi.

"Nticabonye Akbar, ariko abanyagihugu babona uruyoka rutava aho ruri mu muserege baca biyumvira ko rwoba rwamize Akbar. Igihe barubagiye basanze Akbar mu nda yarwo,"niko Mashura yavuze.

Nia Kurniawan, wo kw'ishule kaminuza rya Brawijaya, yabwiye BBC ko isato zingana niyo zihiga ibikoko binini binini nk'ingurube zo mw'ishamba n'imbwa.

Mu gihe zirinda kuja aho abantu baba, zisanga amashamba y'ibigazi ariyo zohigiramwo, kuberako ayo mavuta y'ibigazi akwega izo ngurube, ibikoko vyo mu bwoko bw'inkende n'imbwa.