Abakozi ba Onu batowe bapfuye muri Congo

Intureka zariyongeye mu ntara ya Kasai kuva aho umutware wo muri ako karere atanguje umugwi w'abitwaza ibigwanisho Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Intureka zariyongeye mu ntara ya Kasai kuva aho umutware wo muri ako karere atanguje umugwi w'abitwaza ibigwanisho

Abakozi b'abahinga b'ishirahamwe mpuzamakungu Onu bari barabuzwe irengero muri Repubulika iharanira Intwaro Rusangi ya Congo batowe bapfuye, niko ubutegetsi bwavuze.

Ibiziga vy'umunyamerika Michael Sharp n'umunya Suede Zaida Catalan, vyatowe mu ntara ya Kasai yo hagati, nkuko umuvugizi wa leta yavuze.

Abo bantu bari banyurujwe mu ndwi zibiri ziheze bagiye gutohoza ku mabi yokozwe mu ntara ya Kasai, inyuma yaho inyeshamba zo muri ako karere zihitiyemwo gufata ibigwansho.

Umuvugizi wa Leta ya Congo, Lambert Mende, yaremeje ayo makuru avugana na BBC.

Bwana Mende yavuze ko ivyo biziga vyatowe mu kinogo atari kirekire, kandi ko uwo mugore yari yaciwe umutwe mu gihe ikiziga c'umugabo cari kikiri cose".

Mw'itangazo ryavuye mu biro bikuru vya Onu, umunyamabanga mukuru Antonio Guterres yagize ati "batwawe ubuzima barondera gutegera ibituma umutekano uhungabana" muri Congo.

"Onu izokora ibishoboka vyose kugira ngo ubutungane bukore," niko yabandanije avuga.

Image caption Ikarata ya Congo

Bwana Mende yabwiye ibigo vy'itangazamakuru ko umukuru w'igipolisi yigiriye ubwiwe mu ntara ya Kasai, asanga abapfuye ari nabo bavugwa.

"Amakuru aturuka ku babibonye, ngo banyurujwe n'abagwanyi b'umugwi Kamwina Nsapu, bakunze guca imitwe abo bafashe," niko yavuze.

Hari n'ikindi kiziga catowe muri ako gace nyene c'uwitwa Betu Tshintela, yasubiramwo ivyo bavuze mu rurimi ruvugwa muri ako karere.