Trump arabandanya kugwanya ibikorwa vyatangujwe na Obama

Trump avuga ko ata ngwano azojamwo yo kwihanikiza ikoresha ry'ibizuku Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Trump avuga ko ata ngwano azojamwo yo kwihanikiza ikoresha ry'ibizuku

Prezida Donald Trump yashize umukono kw'itegeko bwirizwa rihanagura ivyo ubutegetsi bwa Obama bwashitseko mu kugwana n'ikibazo c'ihindagurika ry'ibihe.

Bwana Trump avuga ko iryo tegeko rishasha rigiye guhagarika "ingwano yakogwa ku bizuku" hamwe "n'amategeko abuza kuronka akazi".

Itegeko rijanye n'ukwikwiza mu vy'amasoko ntanga nguvu "Energy Independence Executive Order" rihagarika amategeko menshi yariko arakurikizwa yashizweho na Prezida Obama.

Abadandaza bakeje iryo tegeko rishasha ry'ubutegetsi bwa Trump, ariko abaharanira gukingira ibidukikije barigwanije.

Iruhande y'ibiro vy'umukuru w'igihugu, White House, abantu baharugwa mu majana bari bakoranye biyamiriza iryo tegeko.

Mu biro, umukuru w'igihugu yarakikujwe n'abacukuzi b'ibizuku igihe yashira umukono kuri iryo tegeko, avuga ati: "Ubutegetsi bwanje burahagaritse ingwano yakogwa ku bizuku".

Ubutegetsi bwa Trump busigura ko iryo tegeko risha rizotuma abantu baronka akazi, ryongere rigabanye ingorane zategwa no gusumira ibitoro hanze.

"Ubutegetsi bwahahora bwaratesheje agaciro abakozi bushinga amategeko. Turashobora kubungabunga ibidukikije kandi duha n'abanyagihugu akazi."