Hari ivyo Ubwongereza bwasabwe gukora imbere yuko buva muri EU

Theresa May ashira umukono ku ikete ryo kuva mu muryango w'Ubumwe bwa Buraya Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Theresa May ashira umukono ku ikete ryo kuva mu muryango w'Ubumwe bwa Buraya

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Francois Hollande yasavye Ubwongereza kwumvikana n'umuryango wa Buraya ku vyobanza gukogwa imbere yuko buva muri uwo muryango.

Mu kiganiro co ku murongo wa telefone yagiranye n'umushikiranganji wa mbere Theresa May, Bwana Hollande yasavye Ubwongereza kubanza guheraheza ivyo bwiyemeje ku bijanye n'amahera bwatanga muri uwo muryango hamwe n'uburenganzira bugiye kuronka abanyagihugu bo mu bindi bihugu.

Uwurongoye akanama k'umuryango w'ibihugu vya Buraya, Donald Tusk, ategekanya gutanga urutonde rw'ivyokwihwezwa mu biganiro vy'uwo muryango n'Ubwongereza ku munsi wa gatanu mu gitondo. Ibihugu 27 bisigaye muri uwo muryango vyahawe ukwezi ngo bibe vyumvikanye ku migenderanire mishasha n'Ubwongereza.

Ico gihugu camenyesheje ku mugaragaro ko kivuye mu muryango w'ibihugu vya Buraya-EU, kiwumazemwo imyaka 44.

Umushikiranganji wa mbere Theresa May yavuze ko Ubwongereza bwizeye ko buzogira umubano udasanzwe nk'incuti ya hafi cane y'ibihugu vyo mu muryango wa EU.

Yavuze ko bitoroshe kugera ku masezerano ashimisha impande zose mu gihe c'imyaka 2, ati ariko yumva ko ari ngombwa kwumvikana ku ngingo zotuma haba ugukorana neza.

Theresa May yasavye ko bihutisha kugera ku masezerano y'uburenganzira bw'Abongereza baba mu bihugu biri muri EU, n'abanyagihugu b'umuryango wa Buraya baba mu Bwongereza.

Ino ntambwe ikurikiye amatora kamarampaka yafashwe mu kwezi kwa gatandatu aho abanyagihugu b'Ubwongereza bemeje kuva mu muryango w'ibihugu vya Buraya.