Kenya isabwa gushira abagore benshi mu nama nshingamateka

Inama nshingamateka ya Kenya Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inama nshingamateka ya Kenya

Sentare nkuru ya Kenya yahaye inama nshingamateka iminsi 60 ngo ibe yubahirije ibitigiri bisabwa ku bitsina, itabikoze isambugwe.

Ibwirizwa shingiro rya Kenya rivuga ko ata bantu b'igitsina kimwe borenga bibiri vya gatatu (2/3) vy'abari mu nzego ziserukira abanyagihugu.

Muri kino gihe hari abagore 69 ku bashingamateka 349- bisigura ko hakiri intebe 47 zari zikwiye abagore.

Iyo igitigiri ca bibiri vya gatatu gikurikizwa, abagore bo mu nama nshingamateka botegerejwe gushika 117.

Gushika ubu inama nshingamateka yarabuze ingene yokemura ico kibazo, mu kwezi kwa gatanu abashingamateka bakaba batoye kutisunga iryo tegeko rya bibiri vya gatatu.

Umugwi ugizwe n'amashirahamwe ategamiye leta, warashingishije urubanza kugira ngo leta ikurikize iryo tegeko imbere y'amatora yimirije mu kwezi kw'umunani.

Umucamanza John Mavito yavuze ko uwariwe wese afise ububasha bwo gusaba umukuru w'ubutungane, ngo asambure inama nshingamateka igihe iryo tegeko ritoba ryemejwe.

Kenya iri mu kibanza ca 100 ku bihugu 193 mu kugerageza gushira abagore benshi mu nama nshingamateka, nkuko urunani rw'inama nshingamateka "Inter-Parliamentary Union" rubishikiriza .

Igihugu c'u Rwanda nico kiri ku rutonde rwa mbere, aho ibice 61.3% vy'abari mu nama nshingamateka bigizwe n'abagore.