Umukinyi yagondojwe n'inkoho kuva mu murwi

Clifton Miheso yatsinze ibikombe 14 akinira umugwi wa Kenya, yinjiza ibitsindo bitanu
Image caption Clifton Miheso yatsinze ibikombe 14 akinira umugwi wa Kenya, yinjiza ibitsindo bitanu

Umukenya akinira mu makungu Clifton Miheso yitwaye mu kigo kigenzura umupira w'amaguru kw'isi, Fifa, ko yashizweko inkoho ngo yemere kuva mu murwi Golden Arrows.

Miheso avuga ko ivyo vyabaye itariki 14 z'ukwezi kwa mbere, ku biro vy'umugwi akinamwo biri i Durban muri Afrika yepfo.

Uwo mukinyi w'imyaka 24 asabira uwo murwi kutemeregwa guhererekana abakinyi canke ugafatigwa ikindi gihano. Asaba ko yoronswa amahera $22 000 aheraniwe n'uwo mugwi.

Golden Arrows yahakanye ivyo birego, munyuma yanka kugira ico ibivugako.

Uwuserukira uwo mukinyi wo ku ruhande mu vy'amategeko, yavuze ko umurwi akinamwo utashoboye gutanga insiguro zishimisha ku vyabaye.